BBC News, Gahuza - Urupapuro rw'itangiriro
Inkuru iri kw'isonga (top story)
Trump azitaba urukiko ku birego by'inyandiko z'ibanga
Kuri ibi birego Trump yagize ati: “Sinigeze ntekereza ko ibi bishoboka ku wahoze ari perezida wa Leta zunze Ubumwe. Turi igihugu kirimo guhirima byihuse”.
Ukraine: Amashusho n'ibyo tuzi ku gushwanyuka k’urugomero rutura rwateje imyuzure ikomeye
Urugomero rutura ruri mu gice cya Ukraine kigenzurwa n'Uburusiya rwarashwanyutse rutera imyuzure yatumye abantu ibihumbi bava mu byabo, impande zombi zirashinjanya gusenya uru rugomero, ingaruka z'ibi zirakomeye.
Amerika yahagaritse imfashanyo kuri Ethiopia mu gihe hari amapfa akaze
Ikigo cy'Amerika gitanga imfashanyo (USAid) kivuga ko igikorwa cyo kuyobya imfashanyo ntigere ku bayicyeneye, ari cyo cyatumye kiyihagarika.
Banki nkuru y'Uburundi yoba yafashe ingingo yo guhasha abanyegeje inoti z'amafaranga?
Uwufise izo noti yahawe iminsi itarenga 10 kugira abe yazishize kuri konti yiwe muri banki canke yazikavyemwo izindi noti, ariko hari urugero ntarengwa.
Impinduka mu gisikare cy'u Rwanda: Hari ihuriro hagati y'ibiriho n'ibivugwa?
Izi mpinduka zatumye benshi bibaza icyaziteye, bamwe bavuga ko zifite aho zihuriye n'ibyo guhirika ubutegetsi, bakazihuza n'ibivugwa mu karere.
Arabie Saudite iriyamiriza igitero ku nzu y'ubuserukizi bwayo muri Sudani
Mu 'majambo akaze cane', Arabia Saudite yiyamirije yivuye inyuma igitero cakozwe ku nzu y'ubuserukizi bwayo ku mugwa mukuru wa Sudani, i Khartoum.
Ukraine: Uko abatoroka igisirikare baba bari mu byago byo gupfa ngo bahunge intambara
Abagabo baba bashaka kwirinda kujya mu gisirikare bambuka umupaka wa Romania uri mu gace k'imisozi miremire, bagahunga.
Yves Kami, umuririmvyi w'umurundi ashaka kwigarurira uburengero bwa Afrika
Yves Kami ni umuririmvyi w'umurundi afise umwihariko wa bake wo gukora indirimbo zivugijwe n'ivyuma, mu buryo buzwi nka live, ariko kandi akibanda ku muco. Aranafise indoto zo gushikana indirimbo ziwe hakurya y'imbibe.
Burundi: Abagore bahohotera abagabo babo, ibihe vyarahindutse canke ni ibisanzwe?
Abagabo bahohoterwa mu ngo si ikintu gikunze kuvugwa, ariko abahinga baremeza neza ko biriko biriyongera muri ino myaka, aho mbere bishika abicwa bakicwa, bagacibwa ibihimba vy’umubiri, bagakorerwa n’ayandi mabi.
Ibiganiro bya radiyo
Amakuru yo hirya no hino yibanda cyane cyane ku karere k'ibiyaga bigari muri Afrika, n'amakuru mpuzamakungu.
Ikiganiro gicukumbuye ku bibazo bitandukanye.
Amavugurura mu gisirikare cy'u Rwanda agamije iki? Ibisobanuro by'umusesenguzi
Perezida w'u Rwanda Paul Kagame yarahije Minisitiri w’ingabo n’abayobozi bashya bakuru b’ingabo z’icyo gihugu nyuma y’amavugurura yakoze kuwa mbere w’iki cyumweru. Abasesenguzi barabivugaho iki?
Demokarasi igeze he mu Burundi inyuma y'imyaka 30?
Haheze Imyaka 30 mu Burundi hagarutse intwaro ya demokrasi. Bene iyo ntwaro ishingiye ku migambwe myinshi yaheruka mu myaka ya 60 Uburundi bukironka intahe yo kwikukura, ikurwaho n’intwaro za gisirikare zo kuva mu 1966.
Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Messi, Suarez, Kim, Maguire, Torres, Kane
Inyuma yo kuronka Messi, Inter Miami iriko irondera mugenziwe Angel di Maria w’imyaka 35, hamwe na Sergio Busquets w’imyaka 34, nayo Luis Suarez aripfuza guhamvya bagenzi we bahoze bakinana muri Barcelona, aya n’ayandi ni mu yavugwa kuri uno wa kane.
Real Madrid yemeye amasezerano yo kugura Bellingham
Real Madrid yemeranyijwe na Borussia Dortmund ku masezerano yo kugura umukinnyi wo hagati w'Umwongereza Jude Bellingham kuri miliyoni 103 z'ama-Euro (miliyari 124Frw).
Havugwa amaki mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Tielemans, Laporte, Maguire, Havertz, Lewandowski
Manchester United iriko irondera kugurisha abakinyi umunani, Lewandowski nta mugambi afise wo kuva muri Barcelona, nayo Brighton yiteguye gusaba imiriyoni zirenga 70 kuri Moises Caicedo aronderwa na Chelsea, Arsenal na Manchester United
Iherezo ry'urugendo rwiza: Ibrahimovic yasezeye ruhago ku myaka 41
Zlatan asezeye ku mupira atsinze ibitego 511 mu makipe yaciyemo arimo Paris St-Germain, Manchester United na AC na Inter Milan, anatwaye ibikombe bya shampiyona mu bihugu bine.
Podcast
Podcast: Imvo n'Imvano
Ikiganiro mpaka ku bibazo bitandukanye
Podcast: Ikiganiro cy’abagore
Podcast: Ikiganiro cy’abagore
Podcast: Amakuru ya BBC Gahuzamiryango
Amakuru y'akarere na mpuzamakungu mutegurirwa na BBC Gahuzamiryango
Podcast: Ikinamico Urunana
Teramana na BBC Gahuzamiryango mu kinamico Urunana
Podcast: Baza Muganga
Mubaza ibibazo mufise ku vy'amagara, Muganga akabaha inyishu kuri BBC Gahuzamiryango
Ivyo BBC Gahuza ibahitiramwo
Kabuga 'ntashobora gukomeza kuburanishwa', ni iki gikurikiraho?
Urukiko rwanzuye ko Kabuga, w'imyaka 88, "bigoye cyane ko amagara ye yazongera kumera neza mu gihe kiri imbere".
Rwanda: Kagame yirukanye abasirikare barenga 200 barimo n'aba Jenerali
Ibi bibaye nyuma y'umunsi Perezida Kagame akoze impinduka zikomeye mu gisirikare, zirimo umugaba mukuru w'ingabo mushya n'umukuru w'ubutasi.
Burundi: Ibikorwa vya CNL birahagaritswe vy’agateganyo, none ivyayo bizoherera he?
Umugambwe CNL utavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi urangwamwo ukutumvikana kukaba gutumye ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati, umutekano n’iterambere buhagarika vy’agateganyo ibikorwa vyose vyawo mu gihugu cose.
Kagame yakoze impinduka zikomeye mu gisirikare
Juvénal Marizamunda ni we Minisitiri w'ingabo mushya, mu gihe Liyetona Jenerali Mubarakh Muganga yagizwe umugaba mukuru w'ingabo, nkuko biri muri izo mpinduka Perezida Kagame yakoze no mu rwego rw'ubutasi.